Abarwanyi bashigikiwe na Turkiya bahanganye na IS i Dabiq

Abarwanyi b'umugwi Free Syrian Army bahanganye na IS muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Abarwanyi b'umugwi Free Syrian Army bahanganye na IS muri Syria

Abarwanyi bashigikiwe na Turkiya muri Syria bariko baregereza umuji wa Dabiq ufiswe na IS, aho abarwanyi ba ki Islam bemera ko hazobera intambara y'umuhero.

Umukuru w'igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan yavyemeje, abatavuga rumwe na leta ya Syria hamwe n'abarwanyi bakavuga ko hatanguye umuce mushasha.

Umugwi IS umaze imyaka ibiri warigaruriye umuji wa Dabiq uri mu buraruko bushira ubuseruko.

Wise ikinyamakuru cawo co kuri internet izina ry'uwo muji, bikerekana akamaro ufise hamwe n'ikimenyetso co kwimenyekanisha kw'uwo mugwi.

Ariko mu gihe uwo muji ubandanije kugeramirwa, IS isa n'iyivuga ko imirwano ishobora kubera Dabiq atari iyanyuma y'umuhero hagati y'aba Islam n'Abakristu.