Ibihugu vyo muri BRICS ngo bigomba kurwanya iterabwoba

Abakuru b'ihuhugu bigize BRICS ngo bakwiye guhagurukira iterabwoba Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakuru b'ihuhugu bigize BRICS ngo bakwiye guhagurukira iterabwoba

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi, Nerandra Modi, yavuze ko ibihugu biriko birisununura mu butunzi biri mu runani BRICS, bigomba kurwaniriza hamwe iterabwoba.

Yavuze ko iterabwo ariko co kintu conyene kibangamiye bimwe bikomeye iterambere mu butunzi.

Aho yashikiriza ijambo abakuru b'ibihugu vya Bresil, Uburusiya, Ubushinwa hamwe na Afrika y'epfo mu nama ibera mu ntara ya Goa mu Buhindi, bwana Modi yanavuze ko icibare nyamukuru kivyara iterabwoba ari igihugu kibanyi c'Ubuhindi, ashaka kuvuga Pakistani.

Ubuhindi buramaze kwagiriza Pakistani kuba ifise uruhara mu gitero ku kigo ca gisirikare, ariko Pakistani yarabihakanye.