Umusirikare w'Ubwongere yishe abakomeretse muri Irake

Abasirikare b'Ubwongereza mu ntambara yo muri Irake Uwufise ububasha kw’isanamu MOD
Image caption Abasirikare b'Ubwongereza mu ntambara yo muri Irake

Umusirikare kabuhariwe wo mu kigo SAS co mu Bwongereza yahohoshe abasirikare ba Irake bari bakomeretse ubudakira, avuga ko ariko aragirwako itohoza.

Abo basirikare ngo yabarashe mu kubahohosha mu gihe c'intambara yo mu 2003, abonye ko bakomeretse cane ku buryo batovurwa ngo bakire.

Colin Maclachlan avuga ko ivyo yabikoze kugira abakure mu mubabaro barimwo.

Ibi yabivuze mu gitabo yasohoye, bikaba vyashizwe mu kinyamakuru mu Bwongereza.

Ikinyamakuru Mail on Sunday kivuga ko bwana Maclachlan yagabishijwe n'ubushikiranganji bw'Ubwongereza bwo kwivuna abansi, ko azogirwako itohoza.

We avuga ko ivyo yakoze cari igikorwa c'ubugiraneza.