Papa Francis yagize umutagatifu uwari umwungere w'inka

Papa Francis yahaye Argentine umweranda wayo wambere Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Papa Francis yahaye Argentine umweranda wayo wambere

Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis, yagize umutagatifu umupatiri yari umwungere w'inka wo mu gihugu ciwe ca Argentine.

Jose Gabriel del Rosario Brochero niwe mutagatifu wa mbere Argentine igize, akaba yarigisha ijambo ry'Imana mu bakene bo mu turere twa kure gushika aho apfiriye mu 1914.

Yagira ku ngamiya, akaba kenshi yaragaragara ku masanamu yambaye umwambaro wa poncho w'amabara menshi, wambarwa n'abungere b'inka bo muri Argentine.

Bivugwa ko hari ibitangaro bibiri bimuvuyeko vyabaye yarapfuye, ivyo bikaba ari nkenerwa kugira umuntu agirwe umweranda.

Muri ivyo bitangaro harimwo gukira kw'umwana yari yamenetse umutwe mu mpanuka y'imodoka yahitanye sekuru.