Urugendo rwo kwiyamiriza ubukwe bw'aba gay mu Bufaransa

Ingendo zo kwiyamiriza ubukwe bw'aba gay mu Bufaransa ntizabujije ko itegeko ribwemeza ritorwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ingendo zo kwiyamiriza ubukwe bw'aba gay mu Bufaransa ntizabujije ko itegeko ribwemeza ritorwa

Ibihumbi vy'abantu bagize urugendo i Paris biyamiriza ubukwe bw'abahuza ibitsina babisangiye, canke aba gay, hamwe no gusama inda hakoreshejwe ubundi buhinga.

Mu bitavye urwo rugendo harimwo abanye politike bo mu mugambwe wa Front National, ushingiye ku vyiyumviro bikaze bidashima amahinduka.

Ariko uwuserukiye uwo mugambwe mu kwiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu, Marine le Pen, ntiyarimwo mu gihe agerageza kwiyegera abafise ivyiyumviro biri hagati.

Igihe uru rugendo rwatanguzwa mu 2013, rwahuje ibihumbi amajana vy'abantu ariko ntivyabujije ko itegeko ryemera ubukwe b'aba gay ryemezwa.