Abadereva ba Kenya Airways ntibakigize yegereyegere

Kenya Airways imaze imyaka igira igihombo Uwufise ububasha kw’isanamu Public domain via Wikipedia Commons
Image caption Kenya Airways imaze imyaka igira igihombo

Abadereva b'ikompanyi y'indege ya Kenya ifise ibibazo, bahagaritse yegereyegere bategekanya gukora ejo kuwa kabiri.

Ishirahamwe ry'abadereva b'indege ryavuze ko biteguriye guha leta umwanya wo kwiga ivyo basaba.

Ivyo basaba birimwo itangwa ry'imihoho ry'umuyobozi mukuru wa Kenya Airways, bagiriza kunanirwa guhagarika igihombo kimaze imyaka.

Bamwagiriza kandi igiturire hamwe no kuba atwara iyo kompanyi nabi.