Melania Trump: Abapfasoni bagiriza Trump barabesha

Haheze imyaka 11 Melania yubakanye na Trump bakaba bafitaniye umwana w'umuhungu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Haheze imyaka 11 Melania yubakanye na Trump bakaba bafitaniye umwana w'umuhungu

Umupfasoni w’umukandida w’abarepublicains, Donald Trump, Melania, yavuze ko abakenyezi bagiriza umugabo wiwe ko yabatesheje agaciro babesha, avuga ashimitse ko Trump ari “umugabo afise urupfasoni”.

Yavuze kandi ko amajambo Trump yavugiye muri video yafashwe mu 2005 ku bapfasoni atayemera, n’aho avuga ko aterekana umugabo we azi neza.

Uwo mukandida w’abarepublicains afise amkosa yo kuja mu “biganiro vy’abagabo bonyene” ariko vyagizwemwo uruhara cane n’umumenyeshamakuru wo ku mboneshakure Billy Bush, nk’uko bivugwa n’umupfasoni wa Trump.

Iyo video yatumye abategetsi bakuru b’umugambwe w’abarepublicain bamuva inyuma

Kuri iyo video, Trump aboneka ariko arabwira Bush, ico gihe yari umumenyeshamakuru mu kiganiro ca Access Holluwood ca NBC, ko ashobora guryama n’abapfasoni ku nguvu kubera wewe ari rurangiranwa.

Kuva iyo video igiye ahabona, abapfasoni benshi baragiye ahabona bavuga ko Trump yabatesheje agaciro, ivyo uwo mukandida ahakana.

“Ndazi ko yubaha abapfasoni ariko arabihakana kuko ibiriko biravugwa ni ububeshi,” n’uko umupfasoni wa Trump yavuze mu kiganiro yahaye CNN.

“Ndizera cane umugabo wanje,” ni ko yavuze.

”Umugabo wanje abona kure kandi aritonda. Ntashobora gukora ibintu nk’ivyo.”

Image caption Hillary Clinton na Donald Trump

Avuga ko ivyo bibi yagirizwa ”vyateguwe kugira bamuzibire ntatsinde” n’umugwi ufasha imyiyamamazo uwo bahanganye Hillary Clinton hamwe n’abamenyeshamakuru.

"Kwa maelezo waliyopata (wanahabari) hawafanyi uchunguzi zaidi kuhusu wanawake hawa? Hawana maelezo ya kweli," ameongeza.

Akiongea kwa mara ya kwanza tangu madai hayo kutokea, Bi Trump amesema mumewe hajawahi kuwadhalilisha wanawake.