Ingwano ya Mosul yotuma aba "Jihadistes" bahungira i Buraya

Abasirikare ba Iraki mu gitero baja Mosul Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Iraki mu gitero baja Mosul

Julian King yabwiye ikigo c'itangazamakuru c'Ubudagi Die Welt yuko n'igitigiri gito c'abagwanyi "cohungabanya umutekano ko dukwiye kuvyitegurira".

Ingabo za Iraki caratanguye igitero citezwe kumara igihe kirekire ku munsi wa mbere. Bivugwa kw'abagwanyi bashika 5000 b'umugwi Islamic State boba bakiri mu gisagara ca Mosul.

Umuryango w'umusalaba utukura utabara imbabare "The International Committee of the Red Cross"wavuze kuri uno wa kabiri ko ufise amakenga kw'abagwanyi bashobora gukoresha abanyagihugu nk'inkinzo igihe basatirwa, bakinyegeza muri bo bava mu gisagara canke bakababuza guhunga.

Onu imaze kugabisha kw'ico gitero gishobora gutuma haba igitigiri kitari bwaboneka muri ino minsi ya vuba c'abantu bahunga, igatinya kw'abashika umuliyoni bashobora gukurwa mu ngo zabo.

Muri kino gihe Onu ifise ububasha bwo gushobora gucumbikira mu bigo vyayo abantu 130000 hanze ya Mosul, ariko amashirahamwe atabara imbabare ariko ariyungunganya yitegura kwakira abantu 800000, uko ni ko Caroline Gluck akora mw'ishirahamwe rijejwe impunzi UNHCR yabwiye BBC.

Ingabo za Iraki ngo ziramaze kwitegurira ingene zizogosora abahunga kugira ngo ntihagire abagwanyi ba IS babinyegezamwo.

Julian King, akora mu biro vy'uwuserukira igihugu c'Ubwongereza yabwiye Die Welt kw'abagwanyi 2500 bari mu duce turimwo ingwano baturuka mu bihugu vy'umuryango w'ubumwe bwa Buraya.

Mu gihe atawokwitega kw'abagwanyi benshi bahungira i Buraya, "n'igitigiri gito kirashobora kudurumbanya umutekano, bisaba ko tuvyitegurira", uko ni ko yagabishije.

Urunani rw'abasirikare 34000 bo mu migwi y'aba Curdes, aba Sunni n'aba Shia bashigikiwe n'abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'abo mu bindi bihugu bari mu nzira kuva ku munsi wa mbere batumbera ikirindiro c'aba Jihadistes.

Abasirikare ba reta, baza bava mu bumanuko, bageze ku birometero 40 uvuye mu gisagara, uko ni kwo bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC bari kumwe. Abasirikare b'aba Curdes nabo bagwana bava mu buseruko.

Umuvugizi wa Pentagone, ibiro bikuru vya gisirikare vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Peter Cook yavuze ku munsi wa mbere ko urugamba "rugenda neza rukurikiza ikirangamisi" ariko agabisha ko hakiri kare ko bitaramenyekana niba abagwanyi ba IS "bazorinda bakemera kugwana".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abanyagihugu bahunga ingwano ya Mosul

Abagwanyi ba IS bafashe Mosul mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka 2014, imbere yuko bafata igice kinini c'uburaruko n'uburengero bwa Iraki.

Umukuru w'izo ntagondwa Abu Bakr al-Baghdadi yaciye ahitamwo igisagara ca Mosul ngo habe ariho hashingwa ubutegetsi bushingiye kw'idini rya Islamu.