Urwanda rwababajwe n'urupfu rw'umwami Kigeli

Umwami Kigeli V Ndahindurwa yatanze afise imyaka 80 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Umwami Kigeli V Ndahindurwa yatanze afise imyaka 80

Reta y’Urwanda yatangaje ko ibabajwe n’urupfu rw’umwami wa nyuma w’ico gihugu Kigeli V Ndahindurwa yatanze ku musi w’Imana muri Amerika.

Urwanda ruvuga ko rutararonka inkuru iyo yose y’urwo rupfu ivuye ku muryango wiwe yerekeye amaziko yiwe, ariko ko biteguye gufsha uko bashoboye mu vyo bakeneye.

Mw’itangazo rigufi ryashizwe ku rubuga rwa Twitter rw’umuvugizi wa reta, rivuga ko reta itahawe inkuru mu buryo butomoye kuvyerekeye urupfu rw’uwo mwami Kigeli Ndahindurwa, ariko ko bababajwe n’urwo rupfu.

Iryo tangazo rivuga kandi ko reta y’Urwanda itaramenyeshwa ivyerekeye ishingurwa ryiwe, aho azoshingurwa, ariko ko aho bazobimenyera bazofasha mu bizokenerwa.

Umufasha wa hagufi w’umwami Kigeli, Boniface Benzige, yabwiye BBC ko gushika ubu batarumvikana aho bazomushingura na ryari ivyo bizokorwa.

“Ntiturumvikana kuvyerekeye kumushingura. Hari abo mu muryango wiwe baba muri Afrika, bategerezwa kubanza gushika ngaha, kandi hari n’abahanuzi dufashanya, ntiturafata ingingo kuvyokorwa.”

Benzige yasiguye ko “nta nyishu ndaronka kuri ivyo”.

Yavuze ko umwami Kigeli incuro nyinshi yererekanye icipfuzo co gutahuka mu gihugu ciwe c’Urwanda, ariko gushika ubu ntibiramenyekana nimba ikiziga ciwe kizojanwa mu Rwanda.

“Kuvyerekeye ivyo, umwami nta co yigeze avuga kuvyo gushingurwa mu Rwanda. Incuro nyinshi reta yaramusavye gutahuka, ariko na we hari ivyo yasaba kugira atahe, ivyo na vyo ntivyubahirijwe, ari na co gituma gushika ubu yari akiri mu buhungiro,” ni ko yabwiye BBC.

Imbere y’urupfu rw’urupfu rw’umwami Kigeli, yagumye avuga ko ari umwami w’Urwanda n’aho ico gihugu ubu casezereye ubwami.

Atanze afise imyaka 80.

Nta mwana canke umugore yari afise ariko abafasha biwe bavuga bariko bararaba uwomusubirira ku ngoma.