Alep: Uburusiya bwatanze agahengwe k'amasaha 8

Igice kinini c'igisagara ca Alep carasambutse Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igice kinini c'igisagara ca Alep carasambutse

Indege z’intambara z’Uburusiya na Syria zahagaritse ibitero mu gisagara ca Alep mu gutanga agahengwe ku bashaka gutanga imfashanyo ku musi wa kane, nk’uko Uburusiya bubivuga.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Serdei Shoigu yavuze ko ibitero vya bombe vyahagaritswe ku musi wa kabiri hakiri kare cane.

Uburusiya bwamaze gutangaza agahengwe k’amasaha umunani kuva isaha 08:00 (05:00GMT) gushika isaha 16:00 ku musi wa kane.

Shoigu yahamagariye abagwanyi n’abanyagihugu bari muri ako karere kugarijwe n’ibitero, guca mu nzira zikoreshwa n’abatanga imfashanyo mu kuva muri ico gisagara.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Akarere ko mu buseruko bw'igisagara ca Alep kagenzurwa n'abagwanyi kamaze igihe gaterwa bombe

Indege z’intambara z’Uburusiya zateye akarere ka Alep akanya gato imbere y’uko bamenyesha ko hahagaritswe ibitero ku musi wa kabiri, nk’uko bivugwa n’abaharanira agateka ka zina muntu.

Umuryango umwe n’abana batatu biciwe mu bitero vyo mw’ijoro, nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ryo muri Syria rifise icicaro mu Bwongereza.

Abantu barenga 430 ni bo bamaze kwicirwa mu bitero vya bombe bimaze imisi muri ako karere, nk’uko babandanya babivuga.

Amashirahamwe ya Onu ntiyashimye ikiringo c’agahengwe cahawe amashirahamwe atanga imfashanyo, bavuga ko n’imiburiburi hari hakenewe amasaha 12 kugira abanyagihugu bugarijwe bashobore kuvayo.

“Twoshima agahenhwe akari ko kose, ariko turakeneye agahengwe kamara umwanya munini kugira dushikane imfashanyo muri ako karere,” ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi wa Onu, Stephane Dujarric.

Image caption Abantu ntibagira ayo bacira n'ayo bamira

Intangazo rya mbere ry’Uburusiya ryatangajwe haheze amasaha make hamenyekanye ko umuryango umwe w’abantu 14 wazize ibitero vy’indege mu gisagara ca Alep.

Abiyemeje gutabara ku bushake bwabo muri Syria bavuga ko abana umunani n’abapfasoni babiri bari mubishwe inyuma y’ibitero bikomeye vya bombe.

Uburusiya bumaze imisi bunebagurwa n’ibihugu vya Buraya kubera ibitero bugira mu karere ko mu buseruko bwa Alep kagenzurwa n’abagwanyi, mbere Amerika n’ishirahamwe rya Buraya bakaba basaba ko haba amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara.

Uburusiya burahakana bwivuye inyuma ivyo bagirizwa.

Prezida Vladimir Putin yahakanye ivyo bivuga, ashikiriza ako ari amajambo ata ho afatiye, bitajanye n’ibiriko birabera muri Syria.