Arabie Saudite: Umuganwa yishe umuntu na we yishwe

Ni gake umuntu wo mu muryango w'i bwami acibwa urubanza rwo gupfa Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Ni gake umuntu wo mu muryango w'i bwami acibwa urubanza rwo gupfa

Umuganwa umwe wo mu gihugu ca Arabie Saudite yishwe azize kwica umugabo umwe inyuma y’amatati bagiranye mu myaka itatu iheze mu gisagara ca Riyad, nk’uko bivugwa n’ubushikiringanji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ico gihano cahawe umuganwa Turki bin Saud al-Kabir ku mugwa mukuru Riyad.

Nta zindi nsiguro zirenze izo zatanzwe ku buryo yishwe, ariko abantu benshi baciriwe urubana rwo gupfa bacibwa umutwe.

Uwo muganwa agize umuntu wa 134 yishwe inyuma yo gahabwa igihano co gupfa muri ico gihugu, uravye urutonde rutangwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AFP.

Ariko ni gake abantu bo mu muryango w’umwami yicwa, nk’uko bivugwa n’abamenyeshamakuru.

Uwo muganwa yaremeye ko yishe uwo muntu nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ubwo bushikiranganji bwabwiye abanyagihugu ko reta yitanga “mu kubungabunga umutekano no gukurikiza amategeko”.

Inkuru zivuga ko umuryango w’uwo muntu yishwe wanse kwakira indishi y’akababaro y’amafaranga kugira urwo rubanza rwo gupfa ntirushirwe mu bikorwa.

Umuntu azwi cane wo mu muryango w’umwami yaramaze kwicwa, ni Faisal bin Musaid al Saud, yishe narume, umwami Faisal mu mwaka wa 1975.

Benshi mu bahabwa igihano co gupfa muri Arabie Saudite baba bishe abantu canke bafatanywe ibiyayuramutwe.

Abantu 50 barishwe umusi umwe mu kwezi kwa mbere bagirizwa iterabwoba, harimwo umukuru w’idini w’umu Shia, Sheikh Nimr al-Nimr.