Trump yatumiye Malik Obama mu kiganiro

Malik Obama yigeze kuvuga ko yonezerezwa no kubonana na Trump Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Malik Obama yigeze kuvuga ko yonezerezwa no kubonana na Trump

Abafasha kwiyamamaza umukandida w’umugambwe w’abarepublicains, Donald Trump, bateguye gutumira mwenewabo na prezida Barack Obama mu kiganiro ca nyuma kiza kumuhuza n’uwo bahanganye mu matora y’umukuru w’igihugu, Hillary Clinton.

Abafasha ba Trump bavuga ko Malik Obama, yavukiye muri Kenya, azoba ari mu bantu batumiwe gukurikirana ico kiganiro co kuri television, aho Trump aza guhangana n’umukandida w’abademokrate Hillary Clinton.

Malik, yabwiye ikinyamakuru ca New York Post ko anezerewe bitagira urugero kuba azi kwitaba ico kiganiro.

“Trump arashobora gusubiza iteka Amerika,” uko ni ko yavuze nk’uko bimenyeshwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AP.

Abahanganye mu matora bama bakoresha abatumire babo mu gutana mu mitwe n’abo bahiganwa.

Umupfasoni Clinton ahora atumira abaterekwa Trump, umugwizatunga Mark Cuban hamwe n’umutegetsi mukuru muri kompanyi ya Hewlett Packard Enterprise Meg Whitman.

Mu kiganiro kigira kabiri, Trump yatumiye abapfasoni batatu bagirije uwahoze ari prezida Bill Clinton kubakubagura mu myaka yaheze.

Malik Obama yagumye anebagura ubutegetsi bwa mwenewabo prezida Barack Obama.