Syria n'Uburusiya vyahagaritse gatoyi ibitero i Aleppo

Uburusiya na Syria vyabaye bihagaritse ibitero Aleppo kugira abarwanyi baveyo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uburusiya na Syria vyabaye bihagaritse ibitero Aleppo kugira abarwanyi baveyo

Uburusiya na Syria vyahagaritse umwanya muto ibitero ku muji wa Aleppo muri Syria, kugira abarwanyi n'imiryango yabo bashobore kuva muri uwo muji.

Kare uno munsi, umwe mu bayobozi b'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze ko amakuru afise amwemeza ko hari agahengwe naho abatuye mu turere tugifiswe n'abarwanyi bavuze ko bumvise ibisasu.

Uwo muyobozi yavuze ko gushika ubu ata n'umwe arava muri uwo muji ngo kandi nta mfashanyo irahinjira.

Imigwi y'abarwanyi yavuze ko izohaguma, irwane.