Abatavuga rumwe na leta ya Cote d'Ivoire bapfunzwe

Abatavuga rumwe na leta bavuga ko ibwirizwa shingiro rishasha rihengamiye umukuru w'igihugu Alassane Ouattara Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abatavuga rumwe na leta bavuga ko ibwirizwa shingiro rishasha rihengamiye umukuru w'igihugu Alassane Ouattara

Igipolisi mu muji wa Abidjan muri Cote d'Ivoire cataye muri yombi abakuru benshi b'abatavuga rumwe na leta, bariko bariyamiriza guhindura ibwirizwa shingiro.

Abafashwe barimwo uwahoze ari umukuru w'inama nshingamateka, Mamadou Koulibaly, co kimwe n'abandi banyepolitike bazwi.

Biyamiriza integuro y'ibwirizwa shingiro rishasha bavuga ko rihengamiye umukuru w'igihugu Alassane Ouattara.

Iyo nteguro iramaze kwemezwa n'inama nshingamateka, ikaba ihindura ibisabwa kugira umuntu yitoze mu kibanza c'umukuru w'igihugu, rikanashirako kandi inama nkenguzamateka.

Abanye Cote d'Ivoire bazokwitaba amatora ya kamarampaka mu mpera za kuno kwezi, bemeze canke bahakane iyo nteguro.