Intumwa za ICC zasoje urugendo muri Kongo uno munsi

Intumwa ya ICC yasavye Abanyekongo kwirinda ibikorwa vyotuma ibintu biba bibi kurusha Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intumwa ya ICC yasavye Abanyekongo kwirinda ibikorwa vyotuma ibintu biba bibi kurusha

Intumwa za sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC, ikorera i La Haye, uyu munsi zasoje urugendo muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Izo ntumwa zari gukurikirana ikibazo c'abantu bagera kuri 50 bishwe mu migumuko yabaye igihe mu muji wa Kinshasa haba imyiyerekano yateguwe n'abatavuga rumwe na leta.

Imyiyerekano yari iyo kwiyamiriza perezida Kabila ngo ntagume ku butegetsi nyuma y'igihe yemerewe n'ibwirizwa shingiro.

Mbere yuko izo ntumwa zihaguruka i Kinshasa, umuyobozi wazo bwana Amadi Ba, yavuganye n'abanyamakuru ku rugendo bamazemwo indwi.

Bwana Ba yavuze ko yabonanye n'abajejwe intwaro bo ku nzego zose, abarongoye igisirikare hamwe n'abarongoye amashirahamwe ategamiye leta.

Yavuze ko hakwiye kwirindwa gusotoranya kugira ibintu ntibize bibe bibi mu minsi iri imbere.

Yavuze ko azoshikiriza icegeranyo umushinjacaha mukuru wa ICC ku vyo yabonye muri uru rugendo.