Afrika y'epfo yamenyesheje ONU ko igiye kuva muri ICC

Itegeko riraba icemezo ca Afrika y'epfo co kuva muri ICC rigiye gushikirizwa inama nshingamateka Uwufise ububasha kw’isanamu AFT/Getty
Image caption Itegeko riraba icemezo ca Afrika y'epfo co kuva muri ICC rigiye gushikirizwa inama nshingamateka

Igihugu ca Afrika y'epfo cabwiye ishihamwe mpuzamakungu ONU, ko kigiye kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha iri La Haye, ICC.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane, Michael Masutha, yavuze ko integuro y'itegeko rifata ico cemezo izoshikirizwa inama nshingamateka.

Bwana Masutha yavuze ko kuba umunyamuryango wa ICC bituma Afrika y'epfo itarangura igikorwa cayo co kuba umuhuza mu biganiro vy'amahoro mu karere.

Ngo biba intambamyi mu gihe ico gihugu kitokwizeza abakuru b'ibihugu bakigendera, kwubahiriza ubudahangarwa bwabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Afrika y'epfo ntiyubahirije itegeko rya sentare ryo gufata Prezida wa Sudani Omar Al-Bashir (hagati) aho yaza i Johannesburg

Afrika y'epfo yaranenzwe mu mwaka uheze aho yirengagiza itegeko rya sentare ryo gufata umukuru w'igihugu wa Sudani, Omar al-Bashir, igihe yagendera Johannesburg.

Ibihugu vyinshi vyagiriza ICC kuba yibanda kuri Afrika ikirengagiza ahandi kw'isi.

Mu ntango z'ino ndwi, igihugu c'u Burundi catangaje ko kivuye muri iyo sentare.