Islamic State yagavye ibitero vyinshi mu muji wa Kirkuk

Abarwanyi b'Abakurde bafatanije n'igisirikare ca Irake mu kurwanya Islamic State Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarwanyi b'Abakurde bafatanije n'igisirikare ca Irake mu kurwanya Islamic State

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam wiyita leta ya Islam wagavye ibitero vyinshi mu muji wa Kirkuk uri mu buraruko bw'igihugu ca Irake.

Ibi bitero vyahwanye n'uko igisirikare ca Irake hamwe n'abarwanyi b'Abakurde bariko barasatira umuji wa Mosul nawo uri mu buraruko, wari warigaruriwe na IS.

Uwo mugwi wabavye ibitero vy'abiyahuzi ku nyubakwa za leta i Kiruk, harimwo ibiro bikuru vy'igipolisi.

Abahatuye bavuga ko babonye imigwi y'abarwanyi mu mabarabara; amakuru akavuga ko ivyo bitero vyagabwe ahanini n'imigwi y'abacengezi iba muri uwo muji.

IS yateye kandi urugomero rw'umuyagankuba rwariko rurubakwa n'ishirahamwe ryo muri Irani, ku birometero mirongo ine werekeza mu buraruko bushira uburengero bwa Kirkuk, hasiga ubuzima abantu cumi na babiri.