Abo mw' ikambi ya Calais bariko barimurwa

Calais yakomeje kuba ikibazo hagati y' Ubufaransa n' Ubwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abacumbitse Calais bahawe ibipapuro bibasobanurira igikorwa co kubimura

Abimukira bagera ku 900 baramaze kwimurwa bavanwa ku cambu ca Calais bajanwa mu bindi bibanza vy'Ubufaransa bashobora gusabniramwo ubuhungiro.

Ikambi yegereye icambu ca Calais ku rubibe rw'Ubufaransa n'Ubwongereza, iharurwamwo abimukira bagera ku 10,000, barimwo abana 1500.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Abari bacumbitse Calais batanguye kuhakurwa

Abimukira batanguye gutonda umurongo hanze y'inyubakwa iri ku cambu ca Calais ku rubibe rw'u Bufaransa n'u Bwongereza, aha babwiwe kwiyandikisha imbere yo gusambura aho bari bacumbitse.

Abacumbitse mu nkambi biyubakiye yataziriwe igihuru (jungle) ku cambu ca Calais, bamaze kwiyandikisha, bazoca bajanwa mu bindi bice vy'u Bufaransa aho bazoheza bagasaba ubuhungiro.

Image caption Calais

Abapolisi bagera ku 1200 n'abandi bakozi bazofasha mu gikorwa co kwandika no kwimura abo bimukira baharurwa mu 8000, bacumbitse kuri ico cambu bagerageza kujabuka mu gihugu kibanyi c'u Bwongereza.

Bamwe muri abo bimukira bavuga ko bopfuma barara mw'ibarabara hako bimuka bakava ahari iyo kambi.

Umunyamakuru wa BBC ari muri ico kibanza avuga ko igikorwa kigoye kuruta ibindi, ari naco co gukura abadashaka kuva muri ico kibanza, kitaratangura.

Igikorwa co kwimura iyo kambi y'icaduka ya Calais, aho abarindiriye kujabuka mu Bwongereza biyubakira bagacumbika, yasambuwe incuro kenshi, ariko bakongera bakubaka.