Miriyoni 5 baregwa ruswa mu Bushinwa

Bamwe biteze ko mu nama y'umwiherero hashobora kuvamwo amategeko masha Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubushinwa bwitayeho guhindura uburyo bwo kurwiza umwimbu, bwahora bushingiye ku mahinguriro

Umugambwe w'aba komunisita uri ku butegetsi mu bu Chinwa umenyesha ko wakoze amatohoza ku bategetsi bagera kuri miliyoni zitanu bakekwako icaha ca ruswa, mu kiringo c'imyaka itatu iheze.

Mu gushira ahabona ibiharuro vy'amatohoza ku baregwa ruswa, umugambwe w'aba komunisita ushaka kwerekana ko witayeho igikorwa co kurwanya ruswa catangujwe na perezida Xi Jinping.

Ibi biharuro bishizwe ahabona imbere y'inama umugambwe uri ku butegetsi ugiye kumaramwo iminsi ine.

Umurwi ujejwe gukurikirana inyifato wemeza ko abo wita 'abarya ruswa bahunze ubutungane', bagera ku majana ane, bafatiwe mu mahanga muri uyu mwaka.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko guhindura amategeko muri iyi nama y'umwiherero umugambwe ugiye kumaramwo iminsi ine, bishobora gutuma perezida Xi yongerwa ububasha burengeye.