Ikibangamiye amasezerano ya UE na Canada

CETA na TTIP n'amasezerano temerwa na bose Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza amasezerano y'ubudandaji mu bisagara vyinshi vya UE

Ububirigi bumenyesha ko bubanza kuronka uburenganzira bw'intara zose zigize ico gihugu imbere yo kwemerera Ubumwe bwa Bulaya kugiranira na Canada amasezerano yo guhana ibidandazwa.

Ubutegetsi bw'intara yo mu bumanuko ya Wallonie ikoresha ururimi rw'igifaransa, ntibwifuza ayo masezerano.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa leta y'Ububirigi Charles Michel yabonanye na bagenzi we b'Ubumwe bwa Bulaya mu ndwi iheze

Uburongozi bw'iyo ntara bugizwe n'abo mu mugambwe w'aba "Socialistes" bashaka gushira imbere gukingira ubuzi bw'abanyagihugu, ibidukikije no kwitaho ubuziranenge bw'ivyo abanyagihugu babo bafungura.

Leta ku rwego rw'igihugu imenyesha ko yiteguye kuganira kuri ico kibazo c'imigenderanire na Cadana, n'ubutegetsi bw'aba Walloons ku rwego rw'intara.

Ayo masezerano yari amaze imyaka indwi aganirwako, yashigikiwe n'ibindi bihugu vyose binywanyi vy'Ubumwe bwa Bulaya, nayo Ububirigi bwahawe ikiringo ntarengwa c'uyu mugoroba, ngo bube bwahisemwo nimba buyashirako igikumu.