Kenya: 12 bazize ibitero vya Al-Shabab

Abantu batandatu batowe bagikomeye musi y'ibisigarira vy'impome Uwufise ububasha kw’isanamu IBRAHIM ADAN ALI
Image caption Abantu batandatu batowe bagikomeye musi y'ibisigarira vy'impome

Abantu batari bake boba bitavye Imana inyuma y’aho abantu bitwaje inkoho batereye imwe mw’ihoteli yo mu gisagara ca Mandera, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya.

Ico gitero cagizwe kw’ihoteli yitwa Boshari.

Umuvugizi wa reta ya Kenya yanditse ku rubuga rwiwe rwa twitter ko abantu 12 ari bo bishwe abandi benshi barakomereka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter

Abajejwe gutabara bashoboye gukura abantu batandatu musi y’ibisigarira vy’impome bagihema.

Abari muri iyo hoteli bose baciye babakurayo.

Inkuru zivuga ko humvikanye ibintu bitanu biturika imbere y’uko humvikana amasase.

Igisagara ca Mandera kimaze imisi kigirwako ibitero n’abagwanyi ba al-Shabab, umugwi ugwanya reta ya Somalia ishigikiwe n’amakungu.

Uwufise ububasha kw’isanamu IBRAHIM ADAN ALI
Image caption Ico gitero catanguye isaha 3:30 isaha zo muri Kenya

Abo bagwanyi bagira ibitero ku bantu atari aba Somalia.

Igikorwa co kurondera abagize ico gitero kiracabandanya.