Papa Francis umuhuza mu matati ya politike muri Venezuela

Prezida Maduro yabonanye na Papa Francis Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Prezida Maduro yabonanye na Papa Francis

Umukuru wa Ekleziya Katolika kw’isi, Papa Francis yafashe ingingo itari yitezwe yo kugerageza gufasha mu gutora umuti w’amatati ya politike ari mu gihugu ca Venezuela.

Ico gihugu kandi kirahanzwe n’ingorane y’ubutunzi.

Mu mubonano wabaye giturumbuka hagati ya prezida Maduro na Papa Francis I Vatican, yasavye ko yohuza uwo mukuru w’igihugu n’abo batavuga rumwe.

Intumwa ya Papa mu gihugu ca Venezuela, Emil Paul Tscherring yavuze ko izo mpande zibiri zemeye kugiriranira ibiganiro mw’izinga rya Margarita, mu gihugu ca Venezuela.

Ariko inkuru zatanzwe ku mbuga ngurukanabumenyi, umukuru w’abatavuga rumwe na reta, Henrique Capriles yavuze ko ata biganiro biratangura kandi ko gutangura ibiganiro bundi bushasha, ari amayeri ya reta.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Imyiyerekano y'abanyeshure ba kaminuza bariko bariyamiriza prezida Maduro

Ubwoba burakwiye igihugu ca Venezuela kubera kungururiza ku rindi sango imyiyamamazo y’amatora ya kamarampaka yo gukura ku butegetsi prezida Maduro.