Abantu 50 biciwe mu gitero muri Pakistan

Abantu barenga 100 bakomerekeye muri ico gitero Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Abantu barenga 100 bakomerekeye muri ico gitero

Abantu bitwaje inkoho bateye ishure imwe y’igipolisi mu gisagara ca Quetta mu gihugu ca Pakistani.

Abantu batandatu binjiye mu mashure abapolisi bigiramwo batangura kubarasa, ubutegetsi bukavuga ko abantu 50 bishwe harimwo abanyeshure n’abajejwe umutekano, abandi bakaba bakomeretse.

Abakomeretse bagiye kuvurirwa mu bitaro.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/ GETTY IMAGES
Image caption Abajejwe umutekano bahanganye n'abateye umwanya utari muto

Abanyeshure amajana n’amajana batabawe muri kaminuza y’igipolisi ya Balochistan mu gihe abasirikare baza gutana mu mitwe n’abo bateye.

Abateye bane bivugwa ko biciwe muri iryo tana mu mitwe n’igisirikare hamwe n’igiolisi, kandi nta mugwi n’umwe uriyitirira ico gitero.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Mir Sarfaraz Ahmed Bugti avuga ko igitigiri c’abahasize ubuzima muri ico gitero gishobora kwongerekana.

Urwamo rw’ibintu biturika n’amasase vyumvikana cane, nk’uko bivugwa n’umwe mubari aho vyabereye.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Quetta ni umugwa mukuru w'intara ya Balochistan hakunze kuberamwo intambara z'abashaka kwiyonkora

”Baguma biruka mu mazu yacu bagenda barasa, twebwe twaciye twiruka tuduga, hanyuma dusimbira hasi kugira dukize agahanga,” uko ni ko uwurongoye iyo shure yabwiye imboneshakure ya Geo.

Quetta ni intara irimwo igisagara gikuru ca Balochistan, imaze guterwa kenshi n’imigwi itandukanye hamwe n’abagwanyi ba ki isilamu.

Mu kwezi kw’umunani, abantu 88 barishwe mu bitero bitandukanye vya bombe vyagizwe ku bitaro no kubanyamategeko aho i Quetta nyene.