Ikibuga c' indege ca Heathrow kigiye kwagurwa

Bamwe bavuga ko kwagura Heathrow bizokwonona ikirere Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kwagura Heathrow bizotuma indege cakira ziyongerako 260 000 ku mwaka

Leta y'Ubwongereza yemeje umugambi wo kwagura ikibuga c'indege mpuzamakungu ca Heathrow kiri mu muji wa Londres - gisanzwe arico cakira indege nyinshi kurusha ibindi vyo ku mugabane wa Bulaya.

Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n'ibintu, Chris Grayling, yavuze ko uwo mugambi ari ikindi kimenyetso kigaragaza ko amarembo y'ubwongereza ku bucuruzi yuguruye.

Aho ni inyuma y'aho abanyagihugu b'Ubwongereza bemereje kuva mu muryango w' Ubumwe bwa Bulaya muri Kamarampaka yabaye mukwezi kwa gatandatu.

Ariko umukuru w'umuji wa Londres, Sadiq Khan, yavuze ko kwagura ikibuga c'indege ca Heathrow bizotuma ikirere co hafi yaho cononekara kuba umwuka utosekarwa n'ibiva mu bitoro.