Gambia yavavanuye na CPI

Prezida Yahya Jammeh ari ku butegetsi kuva mu 1994 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Yahya Jammeh ari ku butegetsi kuva mu 1994

Reta ya Gambia yavuze ko yikuye mu masezerano ashinga sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.

Iyo ngingo ifashwe kubera bagiriza CPI gufatira ingingo ibihugu vya Afrika gusa.

Ingingo yo kuva muri iyo sentare ije ikurikira iyafashwe n’Uburundi hamwe n’igihugu ca Afrika y’epfo.

Prezida wa Gambia, Yahya Jammeh ari kubutegetsi kuva atembagaje ubwahahora mu 1994.

Amatora muri ico gihugu yimirije kuba mu kwezi kwa cumi na kabiri, ariko mu ntango z’uyu mwaka, abakuru b’abatavuga rumwe na reta umunani barahagaritswe bacibwa urubanza rwo gupfungwa imyaka itatu bazira gutunganya imyiyerekano ata ruhusha bafise.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International rivuga ko iryo pfungwa ari bumwe mu buryo bwo kubandanya guhonyanga agateka ka zina muntu.