Trump: Clinton ashaka gutanguza intambara ya gatatu y'isi

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Donald Trump

Umukandida w’umugambwe w’abarepublicains, Donald Trump, yavuze ko imigambi y’uwo bahanganye Hillary Clinton yo gutatura amatati yo muri Syria ishobora gutuma haba “Intambara ya gatatu y’isi yose”.

Yavuze ko Amerika ikwiye kwihweza ubwa mbere ingene yotsinda intambara ya Islamic State hagushira inguvu nyinshi mu gushaka gukura ku butegetsi prezida wa Syria Bashar al-Assad.

Umupfasoni Clinton yari yasavye ko indege zobuzwa kuguruka mu kirere ca Syria, umugambi bamwe babona ko ushobora gutuma haba itana mu mitwe n’indege z’intambara z’Uburusiya zigira ibitero ku bagwanya reta ya Assad.

Abarongoye ibikorwa vyo kwiyamamaza vy’umupfasoni Clinton, bagirije Trump ko “gukinisha abanyamerika abicishije ku bwoba”.

Trump kandi yifatiye mu gahanga abategetsi b’abarepublicains banse kumufata mu mugongo.

“Iyaba twasenyera ku mugozi umwe, ntitwotsinzwe na Hillary Clinton muri aya matora,” ni ko yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rys Reuters ku kibuga ca golfe ca Trump National Doral, mu gisagara ca Florida.

Uwo mukandida yagabishije ko ibintu bishobora kuba bibi cane mu gihe umugambi w’uwo bahanganye wo mu mugambwe w’abademokrate wo kubuza indege guca mu kirere ca Syria woja mu bikorwa.

“Muzisanga mu ntambara ya gatatu y’isi yose mu gihugu ca Syria mu gihe twokurikiza ivyo Hillary Clinton ashaka,” ni ko Trump yavuze.

“Ntimuzogwana gusa na Syria, muzogwana na Syria, Uburusiya na Iran, ivyo murabizi?

”Uburusiya ni igihugu kifise ibigwanisho vy’ubumara, ariko ni igihugu ibigwanisho vyaco vy’ubumara bikoreshwa uretse ibindi bihugu ari akarimi gusa.”

Yavuze ko umupfasoni Clinton atazoshobora kugiriranira ibiganiro na prezida w’Uburusiya Vladimir Putin, uravye ingene yamwifatiye mu gahanga cane mu gihe co kwiyamamaza.

Trump yatangaye:”Azogenda gute kuganira n’umuntu yerekanye ko ari mubi cane?” mu gihe yotorerwa amabanga yo kurongora igihugu itariki 8 z’ukwezi kwa cumi na rimwe.

Abafasha umupfasoni Clinton mu gikorwa co kwiyamamaza biyamirije iyo mvugo, bavuga ko abahinga muvyo umutekano b’abarepublicains n’abadempkrate banebaguye Trump bavuga ko adakwiye kuba umugaba w’ingabo.

”Arasubiriye kandi kuvuga ivyerekeye Putin no gukina n’ubwoba bw’abanyamerika, ariko yaranse kuvuga imigambi yiwe yo gutsinda IS , canke kurangiza intambara yo muri Syria.

'Kwica abanye Syria'

Iryo gabisha rya Trump nta ho ritandukaniye n’iryagizwe n’umutegetsi mukuru wa gisirire muri Amerika mu nama nshingamateka.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Gen Dunford yagabishije ku ngingo yofatwa yo kubuza indege guca mu kirere ca Syria

Umukuru wa gisirikare, Gen Joseph Dunford yabwiye abashingamateka ko kubuza indege guca mu kirere ca Syria, bishobora gutera intambara na Syria.

”Ubu, kugira twigarurire ikirere cose ca Syria, bizodusaba kugwana na Syria hamwe n’Uburusiya,” ni ko Gen Dunford yabwiye akanama kajejwe igisirikare mu nama nkenguzamateka.

”Iyo ni ingingo ntashobora kuzofata.”

Mu kiganiro ca nyuma camuhuje n’uwo bahiganwa i Nevada itariki 20 z’ukwezi kwa cumi, umupfasoni Clinton yavuze ko ashigikiye iyo ngingo.