Korea ya ruguru ntirahagarika ibigwanisho vy'ubumara

Abavuga ibintu n'ibindi bavuga ko Korea ya ruguru yateye intambwe mu gukora ibigwanisho ruhonyanganda Uwufise ububasha kw’isanamu KCNA
Image caption Abavuga ibintu n'ibindi bavuga ko Korea ya ruguru yateye intambwe mu gukora ibigwanisho ruhonyanganda

Politike ya Amerika yo guhimiriza Korea ya ruguru guheba gukora ibigwanisho vy’ubumara ishobora kutagira ico ishitseko, nk’uko bivugwa n’umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe iperereza.

James Clapper yavuze ko ari ngombwa ko twemera ko intumbero ya Amerika yo kuba mw’isi izira ibigwanisho ruhonyanganda udashikwako.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwa Amerika buvuga ko iyo politike y’ico gihugu n’ubu itarahinduka.

Korea ya ruguru ivuga koi maze gutera intambwe ikomeye mu mugambi wabo wo gukora ibigwanisho ruhonyanganda n’aho amakungu aguma akoma induru hamwe n’ibihano.

Mu kwezi kw’icenda, ico gihugu caragerageje ivyo bigwanisho ubugira gatanu, bikaba vyatumye isi yose ibatera ivyatsi.

Avuga ivyerekeye imigenderanire n’amakungu ku musi wa kabiri, Clapper yavuze ko reta ya Korea ya ruguru ifise ubwoba, ikabona ko ikoresha ibigwanisho vy’ubumara kugira ico gihugu kibandanye kubaho.

Yasavye ko prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong-un yofatirwa ibihano mu ntumbero yo kugabanya ivyo bigwanisho ruhonyanganda.

Yishura kuvyo Clapper yashikirije, ubushikiranganji bw’imigenderanire buracafise amakenga yo kugirana ibiganiro n’ibihugu bitandatu, Korea yivanyemwo kuva mu 2009.

Uwufise ububasha kw’isanamu GEOEYE
Image caption Iki banza ca Punggye-ri muri Korea ya ruguru hageragerezwa ibigwanisho ruhonyanganda.

Amerika ifise umugambi wo gukoresha ubuhinga buhanitse mu kirere ca Korea y’epfo (THAAD) mu misi ya vuba, n’aho Ubushinwa na Korea ya ruguru batavyerekwa.

Amerika na Korea y’epfo ko ari mu ntumbero gusa yo kwikingira ibitero vya Korea ya Ruguru.