Ikirere kirabangamiye abari mu gikorwa co gutabara mu Butaliano

Isengero iranga kahise i Norcia yasambutse yose Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Isengero iranga kahise i Norcia yasambutse yose

Ikirere kibi kiriko kiratevya ibikorwa vyo gutabara hagati mu Butaliano inyuma y'aho vya nyamugigima bibiri vyononeye amazu binakomeretsa abantu barenga 20.

Abantu amajana n'amajana bahaba baraye mu mamodoka no mu mahema inyuma y''ivyo vya nyamugigima vyo ku musi wa gatatu, ariko abategetsi bavuga ko ibintu bitifashe nabi cane.

Nta muntu aravugwa ko yapfuye, ariko inzu ziranga akahise zabomotse, mbere umwe mu bakuru b'ibisagara yavuze ko igisagara ciwe "carangiye"

Vya nyamugigima bibiri vyumvikanye hagati mu Butaliano, vyonona amazu binakomeretsa abantu barenga mirongo ibiri.

Kimwe gifise igipimo ca 5.5 cumvikanye isaha 19:10 (17:10GMT) hagufi ya Visso mu ntara ya Macerata, gikurikirwa n’ikindi inyuma y’amasaha abiri gifise igipimo ca 6.1 muri ako karere nyene.

Imigwi itabara yaraye irakora ijoro ryose.

Mu kwezi kw’umunani, ca nyamugigima cishe abantu 300 mu bumanuko bwa Visso.

Nta nkuru nyinshi zihari zivuga aboba bakomeretse cane ariko uko ikirere kimeze vyatumye bitoroha kuraba neza ivyahononekariye.

Visso ni ku birometero 70 uvuye i Amatrice hari hatewe na nyamugigima ifise igipimo ca 6.2 mu kwezi kw’indwi.

Ivyo vya nyamugigima vyo ku musi wa gatatu vyarumvikanye hagati mu Butaliano hose, harimwo n’umugwa mukuru Rome, aho inzu zanyiganyize imiryango n’amadirisha vyariko birabomana.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Hari kandi inzu zasambutse i Visso

“Abantu barenga mirongo ibiri ni bo vyagizeko ingaruka, ariko abantu bane gusa ni bo bakomeretse bikomeye, nk’uko bivugwa n’uwurongoye igisata kijejwe gutabara abanyagihugu mu Butaliano, Fabrizio Curcio.

Ikinyamugigima kigira kabiri cari gikomeye cane gusumba ica mbere, hakaba hibonekeje n’ingaruka z’aco.

Umwe mu babibonye yabwiye imboneshakure y’Ubutaliano ko yabonye amazu ariko arabomoka imbere yiwe.

Vyibazwa ko igisagara ca Camerino ari co coba cononekaye cane, umwe mu bahaba yabwiye BBC:”Umuntu wese ariko arava i Camerino n’amaguru canke n’imodoka ahiga aho yinyegeza. Amasengero abiri yasambutse, ayandi mazu menshi arahenuka.”

I Campo, hagufi ya Norcia mu karere ka Umbria, isengero ya San Salvatore yubatswe mu kinjana ca cumi na gatanu yabomotse.

Yari yase imigaga inyuma ya ca nyamugigima co mu kwezi kw’umunani.

Hari kandi inkuru zivuga ko intsinga zitwara umuyagankuba zoba zacitse, inzu ziranga akahise zononekaye hamwe n’imisozi yasenyukiye mw’ibarabara rikuru ryo mu buraruko bw’i Roma.