EU-Canada: Ababiligi bumvikanye ku masezerano ya Ceta

Umushikiranganji wa mbere Charles Michel yavuze ko ari intambwe ihambaye hagati ya EU na Canada Uwufise ububasha kw’isanamu JOHN THYS
Image caption Umushikiranganji wa mbere Charles Michel yavuze ko ari intambwe ihambaye hagati ya EU na Canada

Abanye politike b’Ububiligi bashitse ku mwumvikano wo gushigikira amasezerano ya CETA hagati ya EU na Canada, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji wa mbere Charles Michel.

Yavuze ko “umwumvikano” washitsweko inyuma y’ibiganiro vya nyuma n’ababiligi bavuga ururimi rw’igifaransa bari banse ayo masezerano.

Ibirori vyo gushira umukono kuri ayo masezerano vyari vyasivye, inyuma y’aho akarere ka Wallonie bankiye ayo masezerano.

Ivyo ababiligi bumvikanye bishobora kubanza kwemezwa n’ibindi bihugu 27 bigize ishirahamwe rya EU.

Nk’uko bitegekaniwe mu Bubiligi, reta ntishobora gushira umukono ku masezerano kiretse uturere dutandatu turi mu nama nshingamateka tuyashigikiye twose.

Abavuga ururimi rw’igifaransa bo mu karere ka Wallonie, karimwo abantu imliyoni 3.6, bamye biyamiriza ayo masezerano, basaba ingingo zikomeye zokingira abarimyi, ibidukikije hamwe n’abaguzi.

Image caption Akerere ka Wallonie

Michel yanditse kuri Twitt:”Abashingamateka bose barashobora kueyemeza gushika ejo mu gicugu. Intambwe ihambaye kuri EU na Canada.”

Vyafashe imyaka indwi kugira hashikweko amasezerano ya Ceta, amasezerano yoba ari aya mbere ya EU y’ubudandaji yitezweko vyinshi.

Ceta yaravyuye n’amakenga kuri kazoza k’ibiganiro vy’Ubwongereza na EU ku migenderanire y’ubudandaji.

Kimwe mu biteye ingorane ni ishirwaho sentare nshasha y’ubudandaji yokwihweza amatati ari yoba hagati y’amakompanyi n’amareta y’ibihugu bigize iryo shirahamwe.

Akarere ka Wallonie gafise ubwoba ko kazoha akaryo kanini amashirahamwe yo mu bindi bihugu.

Gashaka kandi gukingira abarimyi bo muri Wallonie, bashobora gusanga bariko barahiganwa n’abanye Canada baje kugura ibintu.