Perezida Zuma yoba yasinziriye mu nama nshingamateka?

Prezida Mugabe mu nama ya Onu i New York Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Mugabe mu nama ya Onu i New York

Ku musi wa gatatu, amaso menshi muri Afrika y’epfo yari ahanze umushikiranganji w’ikigega ca reta Pravin Gordhan yari mu nama nshingamateka.

Ubutunzi bwa Afrika y’Epfo buhanganye n’ibibazo bitandukanye, hakaba hari n’ibibazo vyinshi bijanye nab wo mu mashure.

Abanyeshure ba kaminuza nyinshi bamaze imisi bihereza amabarabara kubera amahera y’ishure.

Gordhan ubwiwe afise ibibazo vya politike ku buryo integuro y’amahera reta itegekanya gukoresha yari irindiriwe n’abantu benshi.

Ariko muri kino gitondo, inkuru zatanguye gukwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi n’uko perezida Jacob Zuma yoba yari asinziriye (canke yaruhuriye amaso) igihe uwo mushikiranganji yariko arashikiriza ijambo rirerire.

Urubuga rutanga inkuru rwa Times Live rwavuze ko yari asinziriye.

Abantu bamwe bagerageje gutanga insiguro, mu mvugo itwengeje, kuco uwo mutegetsi yariko arakora.

Urubuga rutanga inkuru rwa Rand Daily Mail rwanditse ibintu bitanu ku vyo yoba yariko arakora, na prezida Zuma ashobora gukoresha mu kwisigura.

  • Nariko ndaraba ubutumwa kuri Twiiter
  • Ugutwi kwanje kwariko kurandya, nariko ndiyaga nkoresheje igitugu canke.
  • Nariko ndagerageza kwumviriza uwurongoye abashingamateka ba ANC Jackson Mthembu ivyo ariko aravuga inyuma yanje.
  • Burya numva cane iyo mpfunze amaso.
  • Itiro ni ubundi buryo bwo kuba maso.
Uwufise ububasha kw’isanamu SA PARLIAMENT
Image caption Prezida Zuma

Ibiro vya preida Zuma nta co birabivugako.

Uwo mutegetsi si we wa mbere muri Afrika abonetse ku mugaragaro yapfunze amaso.

Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe ari ku butegetsi kuva mu 1980, amaze kugaragara incuro nyinshi cane.

Mu kwezi kwa kane uyu mwaka, yabonetse asa n’uwusinziriye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru aho yari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe.

Mu kwezi kw’icenda mu 2012, baramufashe ifoto asinziriye asinziriye ari mu nama ya Onu mu gisagara ca New York.

Mu mwaka wa 2014, imboneshakure yo muri Uganda, NTV yarerekanye prezida Yoweri Museveni, atwara ico gihugu kuva mu 1986, asa n’uwusinziriye mu nama nshingamateka.

Iyo mboneshakure yavuze ko yari yapfunze amaso.

Umuvugizi wa reta yavuze ko ico gihe uwo mutegetsi yariko ariyumvira.

Imboneshakure ya NTV yaciye ihagarikwa gutangaza ibijanye n’ibikorwa vy’umukuru w’igihugu vy’agateganyo.