OTAN 'ntiyipfuza gushamirana n'Uburusiya'

Umunyamabanga mukuru wa Otan Jens Stoltenberg avuga ko adakeneye imishamirano n'Uburusiya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umunyamabanga mukuru wa Otan Jens Stoltenberg avuga ko adakeneye imishamirano n'Uburusiya

OTAN, umuryango w'ibihugu by'uburayi na Amerika bihuriye ku mugambi wo gutabarana, ntishaka guhangana n’Uburusiya kandi ntishaka iyindi ntambara ikanye, nk’uko umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe Jens Stoltenberg yabibwiye BBC.

Umugambi wo kwongereza abandi basirikare 4.000 mu buseruko bwa Buraya ufise intumbero yo gukinga, si ugusotora, nk’uko abivuga.

Uretse imishamirano imaze imisi, urwo runani rw’ibihugu bigwaniriza umwansi hamwe ntibufata Uburusiya nk’igihugu kibageramiye, ni ko yongeyeko.

Imigenderanire iri hagati y’Uburaya n’Uburusiya yifashe nabi cane kuva harangiye intambara ikanye.

Amerika n'Umuryango w'Ubumwe bw'Ibihugu vya Buraya, EU, barafatiye ibihano Uburusiya kubera bwigaruriye intara ya Crimee y’igihugu ca Ukraine mu 2014.

Intambara yo muri Syria iri mu vyo bapfa, hari kandi n’ibihugu vya rutura vy’i Buraya vyagiriza Uburusiya ivyaha vy’intambara kubera ibitero vy’indege ico gihugu ba reta ya Syria bariko baragira mu karere kari mu minwe y’abatavuga rumwe na reta.