Umushikiranganji wa mbere atwara ari kw'ifoto gusa

ifoto y'umushikiranganji wa mbere Jayaram Jayalalitha iri imbere mu nama nshikiranganji
Image caption ifoto y'umushikiranganji wa mbere Jayaram Jayalalitha iri imbere mu nama nshikiranganji

Bigenda gute ngo umushikiranganji wa mbere wa Tamil, Nadu Jayaram Jayalalitha ngo abandanye atwara iyo ntara iri mu bumanuko bw’Ubuhindi?

Ari mu bitaro kuva itariki 22 z’ukwezi kw’icenda, hakaba hari amakenga ku magara yiwe kubera atankuru zitangwa ziyerekeye.

Umugambwe wiwe wa AIADMK urongoye iyo ntara, wamenyesheje ejo bundi ko ibikorwa vyose yahora akora bigeye kuza birarangurwa n’icegera ciwe Pannerselvan, yamushigikiye cane mu misi ya nyuma.

Ariko azoguma ari umushikiranganji wa mbere.

None reta yiwe izoza irakorana gute atahari?

Biboneka ko babitoreye inyishu hakoreshejwe ifoto yiwe.

Ifoto yiwe yashizwe ahabona na reta y’iyo ntara irerekana Panneerselvam mu nama y’abashikiranganji imbere yiwe hari ifoto ya Jayalalitha.

Kandi si mu nama nshikiranganji iyo foto ishirwa gusa.

Image caption Ifoto y'umushikiranganji wa mbere Jayaram Jayalalitha mu nama y'ubushikiranganji bw'uburimyi i Tamil Nadu

Iyo foto kandi irashirwa imbere mu manama y’ubushikiranganji bwinshi.

Panneerselvam aramaze guserukira uwo mushikiranganji wa mbere mu bikorwa bibiri igihe yari mw’ibohero yagirizwa kurya igiturire, ariko ntiyigeze amusubirira.

Yafashe ingingo ko adashobora kwicara ku ntebe yiwe kubera avuga ko akiri muri ico kibanza.

Yafashe ingingo ahubwo yo kuza arakoresha inama yicaye ku ntebe iri ku mpera y’imeza