Ibitero vy'abagwanyi ku ngabo za Siriya mu gisagara ca Aleppo

Haheze amezi menshi ubuseruko bwa Alep bwugarijwe n'ingabo za reta Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Haheze amezi menshi ubuseruko bwa Alep bwugarijwe n'ingabo za reta

Abagwanyi bo muri Siriya bamenyesheje ko batanguje ibitero vyo gutuza ingabo za reta zugarije ubuseruko bw’igisagara ca Aleppo.

Umugwi ukurikirana ibibera muri Siriya uri mu gihugu c’Ubwongereza wavuze ko abagwanyi barashe ama misile “amajana n’amajana” mu burengero bwa Aleppo, zihitana abanyagihugu 15.

Bavuga kandi ko bateye ikibuga c’indege ca gisirikare ca al-Nayrab mu buseruko.

Abantu boba bashika 275.000 barugarijwe mu buseruko n’ingabo za reta haraheze amezi n’amezi.

Siriya n’Uburusiya bubashigikiye bwarongereje ibitero vy’indege mu buseruko.

Ivyo bitero vyagizwe n’abagwanyi bari inyuma y’igisagara ca Aleppo ariko bivugwa ko n’abari hagati mu gisagara ca Aleppo bazogira uruhara muri ivyo bitero.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Imigwi myinshi igwanya reta iri kumwe muri ivyo bitero ku ngabo za reta

“Imigwi yose igwanya reta, ata n’umwe uvuyemwo, bariko muri urwo rugamba,” nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’ishami rya gisirikare ry’umugwi Fastaqim uri muri ico gisagara yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya AP.

Harimwo Jabhat Fateh al-Sham, wahoze witwa al-Qaeda ufitaniye isano na Nusra Front, co kimwe na bagenzi babo ba Ahrar al-Sham.

Abagwanya reta bateye misile zo mu bwoko bwa Grad I al-Nayrab, nk’uko bivugwa umugwi wa Siriya uharanira agateka ka zina muntu (SOHR).

Abantu bashika 115 bishwe abandi barakomereka, nk’uko iryo shirahamwe ribandanya ribivuga.

Bateze kandi ibombe mu modoka zibiri, imwe ikaba yari itwawe n’umwiyahuzi wo mu mugwi wa Jabhat Fateh al-Sham-ku birindiro vya reta mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gisagara.