Ikibazo ca emails za Hillary Cinton congeye kuvugwa

Hillary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hillary Clinton asaba FBI gutanga umuco ku bivugwa kuri emails ziwe

Hillary Clinton asaba urwego FBI gusigura vuga ivyoba biri mu butumwa bwa emails yoba yararungitse, igihe yari umushikiranganji w'imigenderanire.

Hillary Clinton avuga ko yizeye neza, ko ibiri mu butumwa buvugwa gushasha, bitazotuma urwego rw'iperereza rwa FBI rwisubirako ku ngingo rwari rwafashe yo guhagarika gukwirikirana ico kibazo, kandi ko yizeye ko ata caha bazosangamwo cotuma hagira uwukurikiranwa.

Ariko uwo bahiganwa ku rwego rw'aba Repubulikani, Donald Trump, avuga ko urubanza rwasubiye kuvyurwa, kandi ari ikibazo ca mbere giteye isoni kuva igihe ca 1970, aho ibiro vy'umugambwe w' aba Demokarate vya Watergate vyategwa n''ababuzi.

Amakuru avuga izo emails zoba zifitanye isano n'uwahoze ari umugabo w'umukozi wo mu biro kwa Hillary Clinton.