'ICC ntiyananiwe': Fatou Bensouda

Fatou Bensouda Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty images
Image caption Fatou BENSOUDA, umushikirizamanza mukuru wa ICC

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha -ICC, asobanura ko iyo sentare idakwiye kumva ko yananiwe kubera ibihugu bitatu vya Afrika vyifuza kuyivamwo.

Muri uku kwezi honyene, Uburundi, Afrika y'epfo na Gambia vyose vyatangaje ko bigiye kuva muri yo sentare mpuzamakungu mpanavyaha ifise icicaro i La Haye mu Buholande.

Ivyo bihugu bivuga ko iyo sentare mapanavyaha mpuzamakungu iingemiyer ku Banyafrika, kuko ngo imanza hafi zose imaze kuburanisha ari izo kuri uwo mugabane.

Umupfasoni Bensouda yabwiye ikigo c'itangazamakuru co mu Buholande -NRC y'uko iyo sentare ifise ico yatakaje, ariko ngo izokomeza ikore ku manza zo ku mugabane wa Afrika.

Yahamagariye Ubumwe bwa Afrika gukomeza gukorana n'iyo sentare.