FBI yisonabuye kuri emails za H. Clinton

Hillary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hillary Clinton yifuza ko ibiri muri emails zivugwa bimeneykan vuba

Umukuru w'ibiro vy'iperereza ku rwego rw'igihugu muri Leta zunze Ubumwe za Amerika -FBI, yisobanuye ku mpamvu ziri inyuma yo gutangaza ko hari amatohoza ariko arakorwa ku bundi butumwa bwa emails bufitanye isano na Hillary Clinton.

Umukuru wa FBI yatangaje impamvu ivyo biro vyafashe ingingo yo gutangaza ko biriko biratohoza ku zindi emails zifitanye isano n'umukandida w'aba Democrates Hillary Clinton, mu kiringo kidashika indwi zibiri ngo habe amatora.

James Comey, aremera ko iyo ibintu bikiri mw'itohoza mu bisanzwe bidashigwa ahabona, ariko rero ngo kubikora muri kino gihe kwoba ari kuburagiza Abanyamerika.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Hillary Clinton arashaka ko ibiri muri emails ziwe bimenyekana

Ntibiramenyekana nimba izo emails zoba zifitanye isano n'ibivugwa kuri uyo mu kandida w'aba Democrates, ko yoba yarashize hanze amabanga y'igihugu akoresheje email yiwe bwite igihe yari umushikiranganji w'imigenderanire.

Hillary Clinton yasavye umukuru w'ibiro vy'iperereza FBI gusobanura ivy'ubwo butumwa bwa emails bushasha.

Nayo uwo bahiganwa Donald Trump, yavuze ko iryo ari ibara rya mbere ribaye kuva igihe ca 1970, aho ibiro vy'umugambwe w'aba Democrates vya Watergate vyategwa n'ababuzi.