Ubutaliyano bwahuye na nyamugigima

Basilika ya Benedicto mweranda iri mu nyubakwa zasenyutse Uwufise ububasha kw’isanamu MONKSOFNORCIA
Image caption Abakozi b'Imana bahungiye hanze y'urusengero rwa Norcia

Inyubakwa zitari nke zasambutse izindi zirononekara, harimwo n'urusengero rwa Basilika yititiriwe Benedicto mweranda ruri mu gisagara ca Norcia.

Amasanamu ya tereviziyo yerekana ababikira n'abapatiri bakoraniye hanze mu kibuga.

Umukuru w'akarere ko hafi yaho ka Ussita, Marco Rinaldi, yavuze ko yabonye umwotsi uduga igihe ibintu vyose vyasenyuka iruhande yiwe.

Yakoresheje amajambo ko 'yabonye umuriro udahera' mu kwigana ivyabaye.

Amakuru aturukayo amenyesha ko igisigara ca Amatrice, ari naco cahuye n'akaga kurusha ahandi igihe haca nyamugigima mu kwezi kw'umunani, congeye gukorwako n'iyi nyamugigima y'ubu.

Iyo nyamugigima yadutse nk'igihe c'isaha imwe n'iminota mirongo ine mu masaha yo mu Butaliyano, yaturutse mu bumanuko bushira ubuseruko bw' umuji wa Perugia.

Yumvikanye kuva Puglisa mu bumanuko kugera Alto Adige mu buraruko.