Aba Democrates basaba umuco FBI kuri Clinton

Aba democrates basaba umuco kuri Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hillary Clinton avuga ko ivyakozwe na FBI 'ataho vyari bwaboneke'

Abakenguzamateka b'aba 'Democrates' basaba ibisata vy'iperereza n'ubutungane gushira ahabona ivyabonetse muri emails FBI iriko ikorako iperereza ivuga ko zifitanye isano na Hillary Clinton.

Abo bakenguzamateka bavuga ko ingingo yafashwe n'umuyobozi wa FBI, James Comey, yo gutangaza ko hari izindi emails zifitanye isano na Hillary Clinton zabonetse, indwi zibiri gusa imbere y'uko amatora aba, iriko irakoreshwa ku ntumbero za politike.

Hillary Clinto ubwiwe yavuze ko iyo ngingo ataho yari bwanoneke kandi ko iteye umwitwarariko cane.

Abategetsi bo mu gisata c'ubutungane bivugwa ko boba baraciye amahani bwana Comey ngo ntatangaze ivy'izo emails.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Donald Trump yagize ikibazo ca emails zivugwa kuri Clinton inkingi y'isekeza ryo kwiyamamaza

Donald Trump, yitoza ku ruhande rw'aba 'Republicains', yaciye ashingira kuri izo emails mw'isekeza ryo kwiyamamaza, aho yita uwo bahiganwa Hillary Clinton ko ari umunyavyaha akora amakosa n'ibigirankana.