Leta ya Turkiya yirukanye abakozi 10 000

Abakozi birukanywe ntibizwi ko bari mu bari basanzwe barahagaritswe mu kazi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Turkiya yari yugaye bimwe mu bigo vy'itangazamakuru mu ruhigi rw'abafatanije na Fetulah Gullen

Abaganga, abigisha ndetse n'abaforoma bari mu bakozi ba leta bagera ku bihumbi cumi birukanywe mu kazi muri Turkiya, hisunzwe itegeko ryashizweko igikumu kuwa gatandatu.

Ibigo vy'itangazamakuru bigera kuri 15 navyo vyategetswe kwugara.

Ntibiramenyekana neza niba abakuwe mu kazi boba bari basanzwe mu baharurwa mu bihumbi, bahagaritswe vy'agateganyo mw'isekeza ryo kurondera aboba bari inyuma ya Fethullah Gulen.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Fatulah Gullen na perezida Recep Tayip Erdogan bari Somambike kera

Fethulah Gulen asanzwe aba muri Leta zunze Ubumwe za Amerika yagirizwa ko yashatse gushinga leta ibangabanganytwe n'iyihari.

Leta ya Turkiya yasavye ko yorungikwa gucibwa urubanza mu gihugu.