'Diwali' yacafuje ikirere i Delhi

Nta muco uhari i Delhi bivuye ku bintu vyarashwe mu kirere mu gihe c'umusi mukuru wa Diwali Uwufise ububasha kw’isanamu ap
Image caption Nta muco uhari i Delhi bivuye ku bintu vyarashwe mu kirere mu gihe c'umusi mukuru wa Diwali

Ababa ku mugwa mukuru w’Ubuhinde, Delhi, bababajwe n’ivumbi ryinshi riri mu kirere rivuye n’ibintu barashe mu kirere igihe hahimbazwa umusi mukuru wa Diwali.

Ubutegetsi bwagabishije abonona ikirere bivuye ku vyo barasa mu kirere mu misi mikuru birenze urugero rwemewe n’amategeko.

Umusi mukuru wa Diwali urahambaye cane mu kwemera kw’abahindi, aho bibuka intsinzi y’ineza ku nabi.

Ubutegetsi bw’igisagara ca Delhi bwiyemeje gushira mu kirere ibikoresho bikenewe mu gihe c’uwo musi mukuru.

Imbere y’uko hahimbazwa Diwali, yarabaye isekeza ryo gusigurira abantu ngo ntihagira urasa ibintu bizana imyuka mu kirere.

Ariko nta n’umwe yavyubahirije.

Kurasa ibintu mu kirere bikorwa ku musi mukuru wa Diwali, kandi kuri benshi bigaragaza ubutunzi.

Imiryango n’amashirahamwe mu gihugu c’Ubuhindi bakoresha amadolali ibihumbi n’ibihumbi mu kugura ivyo bintu barasa mu kirere mw’ijoro mu gihe bariko barahimbaza uwo musi mukuru.

Nk’uko bivugwa n’ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ibisagara 13 kuri 20 bicafuye cane kw’isi biri mu gihugu c’Ubuhinde.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imodoka zagenda buke buke ku musi wa mbere mu gitondo

Uretse ivyo barasa mu kirere, Ubuhinde kandi burononekara mu kirere mu gihe c’imbeho kubera abantu bakenye biba ngombwa ko baturira imyanda mu kwisusurutsa, na cane cane mw’ijoro.

Hari kandi n’imico yo guturira amashamba inyuma y’isarura, umuriro ukamara igihe kinini utarazima.