Urupfu rwa Fikri rwakweze imyiyerekano muri Maroc

Inyuma y'urupfu rw'uwudandaza ifi agonzwe n'ikamyo muri Maroc, habaye imyiyerekano ikomeye Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Inyuma y'urupfu rw'uwudandaza ifi agonzwe n'ikamyo muri Maroc, habaye imyiyerekano ikomeye

Abanye Maroc baragize imyiyerekano mu mpera z’iyinga mu bisagara vyinshi inyuma y’aho umudandaza w’ifi umwe agongewe n’ikamyo itwara umwanda, igihe yariko aragerageza gutora ifi ziwe yari yatswe n’igipolisi.

Urupfu rwa Maouhcine Fikri mu gisagara co mu buraruko ca Al-Houciema ku musi wa gatanu, rwatumye haba agashavu ku mbuga ngurukanabumenyi.

Urupfu rwiwe rugereranywa n’urwo uwapfuye yadandaza ivyamwa mu gihugu ca Tunisia mu 2010, rwatumye haba imyiyerekano myinshi.

Umwami wa Maroc, Mohammed VI, yetegetse abo bakorana kuja kugarukira ku muryango w’uwo yitavye Imana.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’uburaba agateka ka zina muntu bwiyemeje gutangura amatohoza.