Ingurane ku banyeshure ba kaminuza y'Uburundi

Ibitabo

Inama nshikiranganji y'Uburundi yarize integuro y'itegeko ritunganya gushasha inyigisho n'uburyo buhabwa Kaminuza y'Uburundi.

Muri iyo nteguro, bitegekanijwe ko agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure b'iyo kaminuza kagiye gukurwaho, maze abanyeshure bagahabwa ingurane bazosubiza barangije amashure.

Mw'itangazo ryashizwe ahabona n'umuvugizi wa reta y'Uburundi Philippe Nzobonariba, amenyesha ko ihagarikwa ry'agafashanyo maze hagatangwa ingurane ku banyeshure bo muri kaminuza y'Uburundi bizotuma abo banyeshure abanyeshure biga neza.

Iyo nteguro yateye umutima uhagaze abanyeshure bo muri kaminuza y'Uburundi isanzwe ifise abanyeshure barenga ibihumbi 18 benshi muri bo bakaba bava mu ntara zo hagati mu gihugu.

Bamwe mu banyeshure bibaza ko inyuma y'iyo ngingo hinyegeje ugushaka gushira mu minwe y'abikorera utwabo kaminuza ya reta.

Naho biruko haribonekeza n'abantu baciye muri iyo kaminuza babona ko iyo ngingo ataco itwaye.

Iyo ngingo ifashwe mu gihe ibitigiri vy'abanyeshure biguma biduga bivuye ku mugambi wa reta wo kwubaka amashure meshi yisumbuye.