Umuti wo kugabanya imvyaro ku bagabo

Umuti mushasha wo kugabanya imvyaro ku bagabo Uwufise ububasha kw’isanamu THINKSTOCK
Image caption Umuti mushasha wo kugabanya imvyaro ku bagabo

Umuti batera mu rushinge uvugwa ko ari wo mwiza mu kugabanya imvyaro ku bagabo.

Abashakashatsi bo muri Amerika bavuga ko uwo muti umeze neza ku bice 96 kw’ijana inyuma yo kuwugerageza ku bagabo 270.

Muri abo bagabo bose, ni bane gusa bashoboye gutera imbanyi abo bubakanye.

Ariko bivugwa ko uwo muti ufise ingaruka nyinshi, harimwo kugira ibihere mu maso ku nagabo hamwe n’isununu.

Abo bashakashatsi bamaze imyaka 20 barondera umuti wo kuvyara ku rugero ku bagabo.

Abo bashakashatsi bariko bararondera ingene boshobora kugabanya igitigiri c’imbuto z’umugabo ariko ata ngaruka bigize ku bubasha bwo kuvyara.

Uko abagabo baremwe, imbuto ziguma ziza buri gihe, abashakashatsi barondera kugabanya imbuto z’umugabo kuva ku miliyoni 15 gushika ku miliyoni imwe.

Ubushakashatsi bwakozwe ku bagabo bari hagati y’imyaka 18 na 45, kandi bafise umupfasoni umwe.

Bakozweko ubushakashatsi mu kiringo c’umwaka umwe.

Batewe urushinge rwo kugabanya igitigiri c’imbuto gushika ku muliyoni umwe, kandi nta muti bahawe kugira ibitigiri c’imbuto gisubire ku miliyoni 15.

Bamwe bavuze ko vyabatwaye umwaka umwe imbere y’uko basubira kugira igitigiri kizwi c’imbuto z’umugabo.

Zimwe mu ngaruka harimwo guta ubwenge, isununu, ibihere no kubabara mu mitsi zatumye abagabo 20 bava muri ubwo bushakashatsi.

Umushakashatsi mukuru mu kurondera uwo muti, Dr Festin yavuze ko bariko baragerageza ubundi buryo bwo gutanga uwo muti, harimwo nko gukoresha amavuta.