'Umuzi wa emails za Clinton woba wabonetse': Trump

FBI ngo nta nforo ifise yo kosha abaja mu matora Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Trump yizeye ko emails za Clinton zahishijwe zigiye kuboneka

Mw'isekeza ryo kwiyamamaza yarimwo ahitwa Grand Rapids muri Michigan, Donald Trump yavuze ko yizeye ko emails za Hillary Clinton zigera ku 33,000 zafuswe zishobora kuboneka.

FBI iriko ikora iperereza ku zindi emails za Hillary Clinton zishobora kuba zifitaniye isano na Hillary Clinton.

Ivyo biro vyaronse uburenganzira bwo gukora itohoza kuri emails z'umuntu yakoze mubiro vya Hillary Clinton, Huma Abedin.

Izo emails za Huma Abedin, bazisanze muri mudasobwa ngendanwa y'uwahoze ari umugabo wiwe, umushingamateka Athony Weiner.

Hari emails zigera ku 650,000 babwirizwa kuronderamwo muri iyo mudasobwa, ariko ntibizwi neza, iyo zava n'iyo zaja, canke ico zari zerekeye.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu muri Leta zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko bidashobora kunegura canke ngo bishigikire ibiro vy'iperereza FBI ku kibazo ca emails za Clinton.

Umuvugizi wa perezida Barack Obama yavuze ko atibaza ko umukuru w'ibiro vy'iperereza FBI, James Comey, yoba yariko agerageza guhindukiza abifuza gutora Hillary Clinton mu matora yo kuwa kabiri uza.

Perezida Obama yari yavuze ko James Comey ari umuntu w'intungane, w'ijunja, afise ubuntu ariko kandi ajejwe akazi katoroshe.

FBI yamenyesheje ko yatoye izindi emails zishobora kuba zifitanye isano n'umukandida Hillary Clinton, ikazokwihweza nimba hari amabanga y'igihugu yoba arimwo.

FBI yari yigeze gutohoza ubutumwa bwa emails bwoba bwararungitswe hifashishijwe adresse email itari iyo akazi, igihe Hillary Clinton yari akiri umushikiranganji w'imigenderanire, ariko ivyo biro vyamenyesheje ko ata caha vyamubonyeko.

Abafasha Hillary Clinton mu mategeko babanje kwihweza emails zose ziwe, baca batanga izigera ku 30,000 zijanye n'akazi.

Ariko abamufasha kwiyamamaza bafuse izigera ku 33,000 bavuga ko zari iziraba n'ubuzima bwiwe bwite.