Bahunze Boko Haram batotwa n'ababacunze

Abataye izabo bagwiirye mu buraruko bw'igihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Huw Evans picture agency
Image caption Amakambi y'abateshejwe izabo muri Maiduguri, acumbikiye abarenga 16,000

Ibirego vyabonetse mu cegeranyo c'umurwi uharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, inyuma yo kuvugana n'abantu barenga 40, vyerekana ko abahunze Boko Haram bahohoterewe mu makambi yo mu buraruko bwa Nigeria.

Abenshi mu bavuga ko bahuye n'ivyo vyago ni abapfakazi canke abana b'impfuvyi batagira uwubaraba.

Bavuga ko bafashwe ku nguvu canke bakoreshejwe imibonano mpuzabitsina ku ruhendo.

Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Abataye ingo zabo bagwiriye mu buraruko bwa Nigeria

Bamwe bavuga ko bahenzwe n'abagabo bashaka ko baryamana, bamaze kubatwaza inda bagaca babaheba.

Umuvugizi w'igipolisi arahakana ivyo birego.

Akimara kwumva ibiri muri ico cegeranyo, perezida Muhammadu Buhari yavuze ko vyamuteye ubwoba n'umwitwarariko, yiyemeza gukingira abari mu makambi y'impunzi.

Abateshejwe izabo baharurwa mu majana, barimwo abana, bariciwe n'inzara muri imwe mu makambi y'impunzi mu ntango z'uyu mwaka, nk'uko bimenyeshwa n' ishirahamwe 'Medecins sans Frontieres'.