Zuma yasokoye mu rubanza aregwamwo igiturire

Prezida Zuma bariko baramuhatira gutanga imihoho Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Zuma bariko baramuhatira gutanga imihoho

Prezida Jacob Zuma wa Afrika y’epfo yasokoye mu rubanza yasaba ko icegeranyo cakozwe n’umutegetsi arwanya igiturire, Thuli Madonsela, kidashirwa ahabona.

Yagize amatohoza ku bivugwa ko umuryango utunze cane wa Gupta umwifatira mu gipfunsi mu gushiraho abagize reta.

Umushingwamanza wa Zuma yamenyesheje sentare nkuru yo ku mugwa mukuru Pretoria, iyo ngingo, ariko icabitumye ntikiramenyekana.

Abatavuga rumwe na reta bari mu myiyerekano mu bisagara bikuru bikuru, biyamiriza intwaro ya prezida Zuma.

Ico cegeranyo bizwi y’uko kirimwo ibintu vyagirizwa Zuma, nk’uko bivugwa n’umumenyeshamakuru wa BBC ari I Pretoria, Milton Nkosi.

Umuryango wa Guptas wagirizwa gukoresha ubucuti bafitaniye na Zuma mu kugena abaja muri reta kubera inyungu z’awo z’ubudandaji.

Yaba Zuma canke Gupta, bose barahakana ivyo bivugwa.

Ingingo ya Zuma yo kubuza koi co cegeranyo gisohoka yariyamirijwe n’imigambwe itavuga rumwe na reta mu butungane, ubu isaba ko ari we yoriha amahera ategekanijwe n’amategeko.

Julius Malema, arongoye umugambwe wa Economic Freedom Fighters(EFF), yavuze ko umugambwe wiwe ushobora gusaba ko sentare ngo itegeke koi co cegeranyo gisohoka ubwo nyene.

Zuma amaze imyaka irenga cumi yagirizwa ibiturire.

Abashigikiye abatavuga rumwe na reta bagize imyiyerekano i Pretoria baririmba”Zuma ategerezwa kuva ku butegetsi.”

Amatohoza ya Madonsela yatumwe n’ivyavuzwe mu kwezi kwa gatatu n’icegera c’umushikiranganji w’ikigega ca reta , Mcebisi Jonas, ko umuryango wa Gupta “wacafuje demokrasi yabonetse biyushe akuya” mu gushaka kumuha ikibanza co gutwara ubwo bushikiranganji mu mwaka uheze.

Jonas avuga ko yanse ico kibanza, umuryango wa Guptas na wo ukavuga ko ari ugushaka kwitera amashurwe muri politike.

Image caption Imigambwe itavuga rumwe na reta iguma yagiriza Zuma ko arya ibiturire, ariko akabihakana

Uwahoze ari umushingamateka wa ANC, Vytjie Mentor na we avuga ko uwo muryango wamuhaye ikibanza co kurongora ishirahamwe rya reta rikomeye cane mu 2010, na we akawufasha mu kuworohereza mu budandaji.

Mentor avuga ko Zuma yari mu kindi cumba co mu nzu y’umuryango wa Guptas i Johannesbourg igihe babimusaba.

Ico gihe, ibiro vya Zuma vyavuze ko batibuka ivyerekeye uwo mupfasoni, mu gihe uwo muryango na wo uhakana wivuye inyuma ivyo bivugwa.