Amnistie yagiriza igipolisi c'ubu Taliyano kuboreza igufa abimukira

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abimukira barenga 150000 bararokowe uno mwaka bajanwa mu gihugu c'ubu Taliyano

Umuryango uharanira agateka ka kiremwa muntu wagiriza igipolisi c'ubu Taliyano gukoresha inguvu nyinshi mu gufata amakanda y'abimukira.

Amnistie Internationale ivuga kw'ifise ibirego vy'abantu 24, bakubiswe bongera bacishwa ku muyagankuba.

Ubutegetsi bw'ubu Taliyano ntaco bwabivuzeko, mu gihe bukunze kuvuga ko bufata abimukira neza kandi bwubahiriza amategeko y'akazi.

Benshi mu bimukira badafise ivyangombwa ntibemera gufatwa amakanda, batinya ko vyohava vyanka ko bava mu bu Taliyano.

Amategeko y'umuryango w'ubumwe bwa Buraya avuga kw'abimukira bategerezwa kuguma mu gihugu ca mbere bashikiyemwo, kiba cafashe amakanda yabo.

"Barakubitwa, bagacishwa ku muyagankuba"

Amnistie ivuga kw'inyifato y'abapolisi benshi b'aba Taliyano ibereye ariko igasaba ko hoba umurwi ataho wegamiye wokwihweza ivyo birego.

"Akamo k'umuryango w'ubumwe bwa Buraya gasaba igihugu c'ubu Taliyano gufatira ingingo zihambaye impunzi n'abimukira katumye haba abantu birukanwa bidaciye mu mategeko abandi baraborezwa igufa", uko ni ko uwo muryango uvuga.

Ico cegeranyo gitanga akarorero k'umugabo yitwa Adam w'imyaka 27 aturuka i Darfur muri Sudani, avuga ko yakubiswe yongera acishwa ku muyagankuba imbere yuko akubitwa ari gusa.

Umugore w'imyaka 25 aturuka muri Eritrea avuga ko yakubiswe kenshi amakofe mu maso n'umupolisi gushika yemere gufatwa amakanda, umuhungu w'imyaka 16 hamwe n'umugabo w'imyaka 27 bavuga ko bababajwe ku bihimba vy'irondoka vyabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abimukira bavuga ko bacishwa ku muyagankuba

Matteo de Bellis, umushakashatsi wa Amnistie ku gihugu c'ubu Taliyano yabwiye BBC kw'abimukira bakorewe "amabi ateye ubwoba."

"Nararonse intahe ziremeye z'abantu bavuga ko bakubiswe, bacishwa mu muyagankuba, abantu bakorewe iterabwoba, bafungiwe ubusa bariko baremezwa ku nguvu ngo bafatwe amakanda", uko ni ko avuga.

Bwana de Bellis avuga ko Amnistie yarungikiye ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati y'ubu Taliyano icegeranyo isaba ko yoronka inyishu ariko ikaba itari bwasubizwe.

Abimukira barenga 150000 baramaze kurokogwa muri Mediterranee bajanwa mu bu Taliyano uno mwaka. Abarenga 470000 barishikanye murico gihugu bakoresheje ubwato murino myaka itatu. Abaharugwa mu bihumbi barapfuye bariko barajabuka, barimwo n'iburiburi 3750 uno mwaka wonyene.