Imyiyerekano yo kugwanya igiturire muri Kenya

Abitavye amatora basaba prezida Uhuru Kenyatta gufata ingingo
Image caption Abitavye amatora basaba prezida Uhuru Kenyatta gufata ingingo

Abantu amajana n’amajana bahuriye mu myiyerekano mu kibanza ca Freedom Corner ku kibuga ca Uhuru Park, I Nairobi biyamiriza ikwiyongera kw’igiturire.

Iyo myiyerekano ibaye inyuma y’imisi mike ikimenyeshamakuru kimwe gisohoye inkuru zivuga ko amahera angana na miliyoni 50 z’amadolali zigenewe igisata c’amagara y’abantu yibwe ayandi akoreshwa nabi.

Reta gushika ubu iguma ibihakana.

Abateguye iyo myiyerekano basaba prezida Uhuru Kenyatta gufatira ingingo ruhasha abanyuruza itunga rya reta canke atabishoboye na ho, atange imihoho.

Igipolisi cakoresheje ivyuka vyokera n’amazi mu gushwiragiza abaje muri iyo myiyerekano.

Image caption Bamwe mu bari myiyerekano bari bipfunze amapingu
Image caption Igipolisi cakoresheje imyotsi yokera n'amazi mu gushwiragiza abari mu myiyerekano