Soyinka: Nzoca ntabura green card yanje Trump atsinze

Soyinka yabaye umunyafrika wa mbere yaronse agashimwe ka Nobel muvyo indimi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Soyinka yabaye umunyafrika wa mbere yaronse agashimwe ka Nobel muvyo indimi

Uwatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel mu vyerekeye indimi, umunye Nigeria Wole Soyinka, yavuze ko azotabagura urupapuro rumuha uburenganzira wo kuba muri Amerika mu gihe Donald Trump yoba Prezida w’ico gihugu.

Avugira muri kaminuza ya Oxford mu Bwongereza, Soyinka yavuze ko n’aho bigaragara ko Trump atazotsinda, ariko ko mu gihe yotahukana intsinzi, ikintu ca mbere azokora, n’ugusaba abo bose bafise Green Card gusaba bushasha uruhusha rwo kuba muri Amerika.

“Jewe sinzorindira ivyo,” uko ni ko bumvise Soyinka avuga.

“Bakimara kuvuga gusa ko atsinze, nzoca ntabura green card yanje, nce ntekera utwanje,” ni ko Soyinka yongeyeko.

Soyinka yigisha muri kaminuza ivyerekeye Afrika mu gisagara ca New York.

Yabaye umunyafrika wa mbere yaronse agashimwe ka Nobel mu vyerekeye indimi mu 1986.