Uburundi buragabisha gukura ingabo zabwo muri Somalia

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Uburundi buragabisha gukura ingabo zabwo mu gihugu ca Somalia

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi, aragabisha ko hatabonetse umwumvikano ku birarane vy’imishara vy’abasoda barungitswe ku garukana amahoro mu gihugu ca Somalia, bashobora kubatahukana.

Ivyo umushikiranganji Emmanuel Ntahomvukiye ajejwe kwivuna abansi yabivugiye mu nama nshingamateka aho bari bagiye kwishura ibibazo bijanye n’abasirikare hamwe n’abapolisi barungitswe mu butumwa bwa Onu na UA, bari kumwe n’umushikiranganji w’umutekano mu gihugu, Gen Alain Guillaume Bunyoni.

Emmanuel Ntahomvukiye yemeje ko abasirikare b’abarundi bari mu butumbwa bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bwo kugarukana amahoro muri Somalia, Amisom, bamaze amezi cumi badahembwa.

Igice kinini c’ayo mahera gitangwa n’umuryango w'ubumwe bwa Buraya (EU), uwo nawo ukaba ushaka ko ayo mahera arungikwa ku makonte y’abasirikare adaciye mu minwe ya reta.

Reta y’Uburundi ikaba yiyamiriza iyo ngingo, ngo kuko boca baba nk’abacangero kuko vyobangamira akarangamutima n’indero mu gisirikare c’Uburundi.

Mu kwezi guheze, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryabaye rirabangiriye kurungika abasirikare b’abarundi bari kuja kugombora abandi bari basanzwe muri Somalia barenga ibihumbi bitanu.

Hari haheze amezi make Onu imenyesheje ko ata bapolisi b’abarundi bazosubira kuja gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique, abasanzweyo barangije ubutumwa barimwo.

Umushikiranganji w’umutekano mu gihugu, Alain Guillaume Bunyoni, ahari mu nama nshingamateka yavuze ko iyo ngingo yari iya politike itisunze amategeko.

Image caption Umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni w'umutekano na Emmanuel Ntahomvukiye wo kwivuna abansi

Hari n’abasirikare n’abapolisi b’abarundi bagiye barakurwa ku ntonde z’abarungitswe mu butumwa bwo kugarukana amahoro, bagirizwa kugira uruhara mu midurumbanyo yatanguye mu ntango z’umwaka uheze, kubera ukutavuga rumwe ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike n’abatavuga rumwe na reta baratanguje isekezeka basaba ko abajejwe umutekano b’abarundi barungitswe kugarukana amahoro mu bihugu bitandukanye batahukanwa.

Binubira ko amahera y’agaciro bahembwa ashikira mu minwe ya reta, aha agahengwe reta y’Uburundi yugarijwe n’ibibazo vy’ubutunzi kuva aho amakungu abufatiye ibihano vyo kudasubira kubuha imfashanyo kubera ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Image caption Uburundi bwarungitse muri Somalia abasirikare barenga ibihumbi bitanu

Gushika ubu mu bihugu vyari vyarungitse abasirikare muri Amisom, Kenya na Ethiopia vyaratanguye kubatahukana, mu gihe Uganda yamenyesheje ko izotangura kubatahukana mu 2017.